East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Abaririmvyi 21 bitavye Imana, 17 bararokoka

Kuri uyu wa gatandatu, 21 mu bagize umugwi uririmba (Chorale) baritavye Imana bivuye kw’isanganya ry’imodoka ryabaye aho imodoka barimwo yagwa mu ruzi bashaka kujabuka.

Amakuru atagwa n’igipolisi avuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira hamenyekane amakuru akwiye kuri iryo sanganya, ryahitanye abo baririmvyi.

Uwariko atwara iyo modoka ngo yagerageje kurabisha imodoka ku kiraro cari camaze kurengerwa n’amazi menshi y’urwo ruzi, noneho umuvuduko munini w’ayo mazi utuma iyo modoka ica itwarwa.

Igipolisi kikaba kimenyesha ko abashika 17 bari muri iyo modoka babashije kurokoka muri iyo mpanuka yabaye bari bafashe urugendo baja mu bugeni bw’umwe mu bari muri uwo mugwi.

Mwomenya ko ivyo vyabaye ku mugwi w’abaririmvyi ba kiliziya Catholique bo mu gace ka Mwingi, noneho isanganya ribera mu gace ka kitui, aho akaba ari mu gihugu ca Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688