IKIRUNDI_news

Abaririmvyi bavuga Natacha ngo babivugishwa n’inzara

Natacha ngendabanka ngo abamuvuga n’abafise inzara, kuko nawe imbere yuko aronka agafaranga agifise inzara ngo niko yaramaze. 

Uwo muririmvyikazi ayo majambo yayavugiye kuri Micro za Landry Promoter aho yararamutse ashika mu gisagara ca Bujumbura avuye mubutaliyano aho yaramaze igihe kitari gito.

Uwo muririmvyikazi akaba yabandanije avuga ko ayo majambo atayatako umwanya, kuko iyo agize ico ashaka gusangira canke ashaka kuvugana nabo, ngo araheza akabiyegereza, kuko azi ko ivyo bavuga biba bitavuye ku mutima.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi asanzwe ari mu gitigiri c’abaririmvyi basanzwe batavugwako rumwe n’abaririmvyi bagenziwe, kuko bamwe muribo babona ko uwo muririmvyikazi yibona cane, mu gihe abandi bari mu babanye amahoro nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037