BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

Abarovyi bo mu Rumonge baraye banyazwe urukombamazi

Amamashini atandatu agendesha ubwato buroba yaraye yibwe abarovyi b’abarundi bakorera ku myeha y’uburovyi ya Rumonge na Karonda mu gicugu co kuri uyu wa kabiri.

Uwurongoye urunani rw’abarovyi n’abadandaza b’amafi mu Burundi aremeza ayo makuru.

Gabriel Butoyi avuga ko abantu 4 bitwaje inkoho 2 zo mu bwoko bwa karashinikov bari mu kato kagendeshwa n’imashini aribo bakoze ubwo busuma. Asigura ko baciye berekeza mu gihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo iyo bari bazananye. Amenyesha kandi ko bariko bararondera bagenzi babo bo muri ico gihugu kibanyi kugira ngo babafashe kuzirondera.

Gabriel Butoyi ashikiriza ko bibaye inyuma y’amezi 2, izindi moteri 2 zari zibwe abarovyi b’abarundi muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, gushika ubu akaba ata n’imwe iraboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717