homepage

Abarozi bo mu ntara ya Rumunge ntiboroherejwe.

Akanyamuneza niko karangwa mu banyagihugu bo ku Mugara mu ntara ya Rumonge inyuma yisekeza ryo gufata abasanzwe bakora umwuga ugayitse wo kuruga.


Mu gaturuturu Ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 21 Ruhuhuma(02), wari umusi mubi ku barozi bo ku Mugala mu ntara ya Rumonge aho kuribo waranzwe n’amahiri, guturirirwa utwabo ndetse no gutabwa mu mvuto.

Inyuma yaho umwe muribo afataniwe itonga ndetse akaniyemerera ko amaze kwaha inkumbi mu kugandagura abanyagihugu bababa 100 akoresheje ivyo bintazi, hakurikiye isekeza ryo guhiga buhongo umuntu wese akekwako gukora iryo shano mu ntara yose, ndetse bamwe bakaba banatuririwe utwabo.


Murico gikorwa cabonetsemwo abajejwe intwaro benshi, ndetse n’abajejwe umutekano mu gi Police benshi, vyaboneka ko abanyagihugu bo mu Rumonge bari bafise agashavu kenshi iyo hataba abajejwe intwaro, abo bagirizwa amarozi bari no kugandagurwa.

Mu kamenya ko agace k’u Buragane, u Buhumuza co kimwe n’u kumoso aritwo duce tuvurwamwo ivy’uburozi cane gusumba izindi ntara z’igihugu c’u Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686