homepage

Abarundikazi barira ayokwarika kuko abagabo babahezeko baja mu banyarwandakazi

Abagore b’abanyarwandakazi bafise amafaranga ngo baramaze abagabo b’abarundi babarizwa mw’I kambi ya Mahama nkuko bishikirizwa n’umwe mu batwawe umugabo.

Mw’ikambi ya mahama ngo abagabo, baba abazananye n’abagore, co kimwe n’abarongoreye muri iyo kambi ibarizwa ibihumbi vy’abarundi, baheze bahunga ingo zabo bagakurikira abanyarwandakazi.

Nkuko amakuru dukesha ikiganiro Bigarukire aho gishikirizwa na Aline Nirere umumenyeshamakuru w’insamirizi Peace FM, ngo abo bagabo bahunga imiryango yabo bavuga ko boba berekeje I Kigali kuja kuronderera icorirenza, ariko ngo ntibaheza ngo bahinguke kuko baca barongorwa n’abanyarwandakazi bafise uburyo.

Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umurundikazi yatawe n’umugabo inyuma yukumara amajoro atari make akubitwa nk’inzoka n’uwo basangiye akabisi n’agahiye kandi baronkeye hamwe ibiondo 2, haraheze imyaka 2. Nkuko uwo muvyeyi abishikiriza uwo mugabo yabimukoreye inyuma yaho aherewe imiti-Ah’iwacu twita iy’ikirundi- kugira aburabuze umugore wiwe, akayihabwa n’uwundi mugore.

Uwo muvyeyi akaba asaba abakenyezi bagenziwe kwihanganira ibiriko birababako aho muri iyo kambi, akagirako abasaba kutajana narwo biha ubusambanyi canke inzoga kuko atariwo muti. Akavuga ko uwihanganye akarera abana ngo n’Imana irabamuherako umugisha, akavuga ko we amaze kubabonerako umugisha utari mike.

Madam Alicia akaba yanagiriyeko asaba abagabo kudata abagorebabo ngo nuko babonye abakobwa canke abagore beza muri ico gihugu cabakiriye,Kuko ngo uwo mwahunganye mwasangiye akabisi n’agahiye ngo muba mwasangiyevyinshi. Kubwiwe ngo ni vyiza kubandanya mwitanaho nkuko vyahoze kugira murere abana.

Mukamenya ko uwo muvyeyi w’abana babiri avuga ko atacobashikanye mu buhungiro kuko bambuwe utwo bari bafise twose imbere yuko bashika. Ariko Imana ikaba yaramuhezagiye kuko we kubera ugusenga n’ukwihangana avuga ko Imana yahavuye aronka akazi, ubu akaba abarizwa I Kigali aho araba kamwe mu buriro bufatanye n’ikirabo(Bar Restaurant).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686