Entertainmenthomepage

Abavuze ugutandukana hagati ya Alvin Smith n’umugore wiwe, ngo bashobora kuba batabayeho neza.

Alvin Smith na Nirna babonetse hamwe bari banyotewe n’abatari bake

Abavuze ugutandukana hagati ya Alvin Smith n’umugore wiwe, ngo bashobora kuba batabayeho neza muri ino misi.
Ivyo n’ivyibajijwe n’umwe mu bafana bagize ico bashikiriza Kuri Video ya Alvin yipfuza Nirna umuzo mwiza.

 

Hagira hasubire Kandi kwaka umuriro ku rubuga rwa YouTube rw’umuririmvyi Alvin Smith kubera umuzo w’umugore wiwe Nirnah.
Nkuko twabashije kubibona uwo muririmvyi yamaze gushira ahabona Video ya mbere yiwe na Nirna, aho yanahavuye ikundwa cane gusumba izindi video Zari zigize imisi zishirwa Kuri urwo rubuga rwiwe.
Naho muri iyo Video ata gikomeye cabashije kuvugwamwo, Atari kumwipfuriza umuzo mwiza mu gihugu c’amavukiro, ariko hemewe ko Vuba Hagiye gusubira Kandi gukorwa ama Video atandukanye yabo.
Abafana babashije kugira ico bashikiriza Kuri iyo Video, hampande yo kuryoherwa kubera basubiye Kandi kubabona barikumwe, kuko babitezeko ama Video atandukanye ariwe ama Couple Quiz n’izindi, banamusavye ko bamushira no kuri rya reresi ry’umwana wo mu Muji, rigize imisi risohoka Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube.
Ariko Kandi hakaba hanagarutsweko amajambo yigeze kuvuga kuribo uko ari 2, hakavugwa ko batandukanye, eka mbere hakanavugwa vyinshi ku mvo z’ugutandukana kwabo.

Uwo yabigarukanye yibajije iyo ababivuze ubu bahagaze, kuko ubu basubiye Kandi kuboneka barimwe.
Ku batavyibuka, Alvin na Nirna bakaba bavuzweko ugutandukana, mbere bamwe bamwe ukubura kw’ama FOTO yabo ku mbuga nka Instagram bakoresha, bakaba babifatanije n’ukwo gutandukana kwavuzwe hagati yabo.

Muri iyo misi nyene hakaba haciye hatangura ibitero vy’urutavanako, Kuri Nirna, aho abasore baciye batangura gucafuza Alvin, bamwereka ko badakwiranye. Ivyo bakaba babivuga bafatiye iyo Alvin ava, hamwe n’urugezo rw’amashure yizera, co kimwe n’akazi Akora.
Uwo muvyeyi w’abana 2, akaba atabaye akabati ko kubikora amabanga, ahubwo yaciye abisangiza abarenga 20,000 bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Ariko akaba yabikiye ibanga ababirungitse, kuko ata mazina canke ama FOTO yabo yerekanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722