BurundiEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Abazofatwa baciye kubiri n’iyo ngingo bazohanwa bimwe vy’akarorero

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13 Mukakaro 2021, uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB amenyesha ko bibujijwe kuriha ikintu ico arico cose ukoresheje amafaranga mvamakungu ku gataka k’Uburundi, iyo ngingo ngo ikaba yerekeye amasezerano yo gukotesha inzu, ayajanye n’ibikorwa, irihwa ry’amafaranga y’ishure n’iryo ibidandazwa.

Diane Jocelyn Bizimana yamenyesheje ariko ko amashirahamwe yo gutwara abantu n’ibintu mu ndege, ibigo vy’ingenzi, amashirahamwe mpuzamakungu yo kuwunguruza abantu n’ibintu, ibivuko, ikibuga c’indege, abajejwe imbibe n’abanyamahanga hamwe n’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi bo bashobora kurihisha no kurihwa ibikorwa vyabo mu mafaranga mvamakungu ku banyamahanga bataba mu Burundi, ariko ngo birabujijwe kurihisha muri ayo mafaranga mvamahanga ababa mu gihugu c’Uburundi.

Bizimana amenyesha kandi ko abashaka kuriha ibidandazwa biva hanze y’igihugu babisabira uruhusha, nayo abazofatwa baciye kubiri n’izo ngingo ngo bazohanwa hisunzwe amategeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719