BurundiBusinessEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Abikika mu kiza batanu baramaze gukurwa ku ntonde za Sosumo

Abadandaza b’isukari 5 bo mu gisagara ca Bujumbura mu ma zone ya Gihosha, Nyakabiga, Ngagara, Kinama na Cibitoke baramaze gukurwa ku ntonde za SOSUMO kubera kwikika mu kiza bakayinyegeza bongera baduza ibiciro.

Ivyo bimenyeshwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO, Général de Brigade Aloys Ndayikengurukiye, aho asaba abajejwe intwaro mu ntara gufasha mu gushengeza abadandaza banyegeza isukari. Arongera akavuga ko kuba amasezerano bari bafitaniye n’abunguruza isukari mu miduga yarangiye mu mpera z’ukwezi kwa Rusama ari kimwe mu bituma isukari iteba gushikira abaguzi.

Général de Brigade Aloys Ndayikengurukiye avuga kandi ko amasezerano mashasha n’abo bunguruza isukari ariko aratunganywa kugira ico gikorwa gisubire kugenda neza. Uwo muyobozi mukuru wa SOSUMO arahumuriza ko isekeza ryo kwimbura igikaju rigiye gutangura imbere y’uko uku kwezi  kwa Ruheshi kurangika, bikazotuma isukari yiyongera, ikibazo c’ikena ryayo kibe gitorewe umuti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719