BurundiCooperationDiplomacyhomepageIKIRUNDI_news

Abubahwa bo hanze y’igihugu ntibatanzwe mu birori vy’ukwibuka imyaka 59 iheze Uburundi buhabuje intahe yo kwikukira

Kuri uno wa kane, igenekerezo rya 1 Mukakaro umwaka w’2021, Uburundi n’abarundi baramutse bahimbaza imyaka 59 iheze Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira.

I Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi, ivyo birori vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni, icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, umukuru w’inama nshingamateka n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nkenguzamateka n’umutambukanyi wiwe n’abandi bubahwa batandukanye bagize Reta y’Uburundi.

Mu bashitsi bateye iteka ibirori vyo kwigina imyaka 59 iheze Uburundi buhabuje intahe yo kwikukira harimwo n’abategetsi bo mu bindi bihugu batandakunye.

Aha twovuga nk’umukuru w’igihugu ca Centrafrique, Nyenicubahiro Faustin Ange Touadéra, umushikiranganji wa mbere w’igihugu kibanyi c’Urwanda Edouard Ngirente, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Tanzania Kassim Majaliwa, umukuru w’inama nkenguzamateka ya Kenya Kenneth Lusaka, abaserukiye abakuru b’ibihugu vya Qatar, Uganda Misiri, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi.

Ivyo birori vyatanguriye ku ntatemwa y’incungu y’ukwikukira Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, vyaciye bibandaniriza kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira hambavu y’ikibuga c’umupira w’amaguru Stade Intwari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721