
Abarimyi b’ikawa bo ku mutumba Mubaragaza muri komine Mutumba intara ya Karusi bavuga ko bizeye ko uno mwaka umwimbu w’ikawa uzokwiyongera, narirya bahawe imivyaro mishasha kandi igisata c’ikawa kikaba kiri mu minwe ya Reta.
Babishikirije kuri uyu wa gatanu mu gihe ubushikiranganji bujejwe gukingira ibidukikije, uburimyi hamwe n’ubworozi bwatanguza isekeza ry’ipompa, gufumbira hamwe no gutera imivyaro y’ikawa mu gihugu cose.
Umunyanyabanga ntayegayezwa w’umushikiranganji yamenyesheje ko ubu abarimyi b’ikawa batazosubira guheranirwa.


















