IKIRUNDI_news

Aimé M inyuma y’imyaka 20 araje na Festival

Yitwa Aimé Mugabonihera niyo mazina yahawe n’abavyeyi ava mu muryango wabo ukijijwe vyongeye murusengero ninaho impano yiwe yatanguye kugaragarira .

Ariko mu nyuma y’aho yahavuye aja muri carrière solo. Mu mwaka w’2008 niho yasohora indirimbo yiwe ya mbere yamara aho ntiyari bwabifate nk’umwuga.

Mu 2012 neza na neza niho yabifata nk’akazi, indirimbo amaze gukora zirenga 90 ziboneka ku rubuga rwiwe rwa youtube (Aimé M).

Abaririmvyi bamaze kuririmbana ni kidumu, Nziza Désiré, Sat B, Inxuki, Lil H, Arobaz n’abandi, nayo umuririmvyi yipfuza kuzoririmbana nawe ni Kadjanine.

Aheruka mu Burundi mu 2014 umugambi afise ni munini niyasubira kugaruka mu Burundi yipfuza kuzokora Festival y’imisi 2 canke 3 aho naho ngo azoba ari mu mwaka uza w’2022.

Ubutumwa ku bakunzi biwe ababwira ati: “ntakindi atari kubashimira cane gose, burya umuziki ni akazi nk’ubundi, hama kugira akazi kagende neza utegerezwa kugira abagushigikira mu vyo ukora, rero nibo batuma tubandanya kandi bakaturya n’akara iyo tutabigenjeje neza ndabakunda cane”.

Twarangije tumushimira
nawe arashimira Indundi Magazine idahengeshanya kwitaho abaririmvyi n’iyo bari mu mahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036