Entertainmenthomepage

Alvin Smith babaye baramugabisha

Alvin Smith yoba yitavye akamo urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora rwateye abaririmvyi muri rusangi.

Uwo muririmvyi w’akadaje indirimbo iheruka guhagarikwa ku nsamirizi n’imboneshakure za hano iwacu, akaba yashize ahabona ko agiye gusohora EP nshasha irimwo Indirimbo zishobora kuzoshigikirwa n’Urwo rwego.
Uwo Mugabo yanditse ku rubuga rwa Twitter agira ati :” EP nshasha iri mu nzira, ndabubaha cane CNC. Nacitse Alvin mu mubiri w’inka y’ikirundi. Igitungwa ca mwezi kitarya inyama kirya Kvyatsi.”
Muri iyo EP, uwo muririmvyi akaba yavuze ko hazoba harimwo Indirimbo 5, zahawe amazina ya TWORORE UDUKWAVU, IFU YA DUDU, TURIME KIJAMBERE, BUMBATIRA AMAHORO hamwe na TWAMBARE TWIKWIZE.

Naho uwo Mutima yagize ari mwiza, hari abatanguye kwibaza nimba Alvin Smith azohava abishitsa, kuko hari nk’uwibajije nimba azohava abasha kuririmba mu ndirimbo, TWAMBARE TWIKWIZE, ataririmvyemwo ijambo Ingindi, akunze gukoresha mu kuvuga igisusu.
Ntiyabaye wenyene, kuko hari n’abandi batari bake nabo nyene batwenze babonye iyo EP nshasha Alvin Smith ariko arategura.
Abandi nabo bamubwira ko iyo EP avuga ko agiye gushira ahabona ngo azoyumviriza wenyene.

Bisigura ko abakunzi ba za Ndirimbo ziwe nka Jegeza INGIDI, Akajage, n’izindi batazozumviriza.
Hakaba hari n’abamwibukije ko hari izo yibagiye, nk’iyivuga ku bijanye n’ukugwanya umugera wa SIDA.
Ibi Alvin akaba abikoze mu gihe abaririmvyi batari bake bidogera urwo rwego, kuko ngo rutabasha gushigikira abaririmvyi baririmba Indirimbo zifise ico zifasha, ariko rukabasha guhagarika Indirimbo kubw’abo ziba zitameze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722