IKIRUNDI_news

Alvin Smith ngo azokinisha umugore wiwe gushika afashe indege

Kuva umutambukanyi wa Alvin Smith ashika I Bujumbura yabonetse cane ariko arakinishwa mw’ireresi rishasha ricishwa ku rubuga rwa Youtube rwa Alvin Smith ubwiwe.

Mu kiganiro yagiranye na Issac Tv, yabajijwe igihe umukunzi wiwe yasubiriye muri Canada aho asanzwe aba uko bizoca bigenda, nimba ico gikino kizoca gihagarara canke azohava aca arondera uwundi amusubirira kugira bikunde babandanye bakina.

Alvin Smith yishuye mugenzi wacu ko ariko arakora ibishoboka vyose ngo ico gikino gikinwe banyarukije, kugira umukunzi wiwe azogende aruko kirangiye gukinwa. Abajijwe ryari umukunzi wiwe azogendera, akaba yanse kugira ico abivugako, ariko avuga ko ariwe wenyene abizi.

Muri ico kiyago nyene, Alvin yavuze ko ico gikino c’umukozi na inabuja kizoherana n’igice ca 5 ca Saison ya 2 yatanguye igenekerezo rya 30/7.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037