IKIRUNDI_news

Alvin Smith yazanye ikindi kiganiro

Alvin Smith ngo yatanguje ikiganiro gishasha kizohora gica ku rubuga rwiwe rwa Youtube nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram asanzwe akoresha.

Uwo mugabo agize imisi avyaza umusaruro urubuga rwiwe rwa Youtube mu gushirako amasanamu atandukanye arimwo ay’ibiganiro n’ay’ugutwenza, ubu yazanye ikindi kiganiro c’ugukinjika.

Alvin Smith mu butumwa yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yamenyesheje koi co kiganiro yahaye izina rya Home Cooking ngo kije mu ntumbero yo kwereka abantu uburyo bwo gutegura ibiribwa bimwe bimwe. Ikiganiro ca mbere bakaba bahereye kw’ifiriti n’ifi. Ico kiganiro uwo muririmvyi ngo azogikorana n’umukozi wiwe.

Alvin akaba yaramaze gukora amareresi atari make, arimwo ama Prank, Parlons-en, Challenges, Umukozi na Mabuja, Alvin Comedy hamwe n’umuropozi. Ayo mareresi atandukanye akaba yatanguye kuboneka kuri urwo rubuga haraheze amezi 5.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037