IKIRUNDI_news

Amabanga yajejwe n’igihugu muri CVR yomubereye intambamyi?

Abatari bake mu bazezwa amabanga n’igihugu, akenshi utwo bahora bakora baca basigamwo uwundi canke bakabiha umugongo, noneho bagatangura gukora ivyo bajejwe. Akenshi basubira kuboneka muri uwo mwambaro aruko ivy’iyo zihinduye imirisho, ariko kwa Ngabo Leonce ngo suko zitambwa. 

Kuba ari mu mugwi CVR ngo ntaco bizomuhindurira mu bikorwa vy’ukuririmba, ibijanye n’ugutegura amareresi canke ibijanye n’ugutegura isabukuru FESTICAB yarasanzwe akora. Ivyo  n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi akaba n’umwanditsi w’amareresi Leonce Ngabo mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru Jimbere Magazine.

Uwo mwanditsi akaba kandi n’umuririmvyi w’indirimbo, Sagamba Burundi, yatsinzeihiganwa rya mbere mu Burundi  ryahuza abaririmvyi hano iwacu mu mwaka wa 1973, ryari ryitiriwe “Pirogue d’or de la chanson ” avuga ko kuba yaracaguwe mu batari bake agashirwa mu mbarwa ziri mu mugwi CVR, ngo nuko hari ubuhinga bamusanganya ata wundi yarabufise muri uwo mugwi arimwo, kandi ngo n’abandi nuko.

Yagize ati : “ Jewe ntibantoye kuko nsa neza, oyaha.  Turi 13, umwe wese aba afise ubuhinga bwatumye bamushiramwo, jewe nico gituma novuga ko ntaho bimbujije kubandanya nkora ivyo nahora nkora. Mbere nubu ndiko ndategura FESTICAB, kandi nzobandanya ndirimba. ”

Mwomenya ko uwo mwanditsi w’amareresi yavuze ko ireresi Gito l’ingrat ryamuhaye ubushimwe butari buke ngo yaryanditse imyaka 7. Imvo akaba yashikirije ko ari ukubera uburyo bwo guhanahana amakuru butihuta nk’uko uno musi bimeze, kuko naho ariwe yaryanditse ngo uwamukosorera yari ku mugabane wa buraya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036