IKIRUNDI_news

Amakenga ni yose ko Bantu Bwoy atavyo izoshobora

Bantu Bwoy ngo ishobora kutazoshobora imigambi 2 yindi iheruka kumenyesha ko izoshira ahabona Vuba, ayo makenga akaba aheruka gushikirizwa na bamwe mu bakurikiranira hafi ivy’uwo mugwi.

Mu gihe Bacumi Jackson benshi muzi nka DJ Jackson yavuga ko azoshigikira Bantu Bwoy FC, umugwi uheruka gushikirizwa na Bantu Bwoy ko bagiye gushinga, abamukurikirana bavuze ko bafise amakenga kuri uwo mugambi wabo.

Bamwe mu bagize ico bashikiriza, bakagirira amakenga ku bushobozi bwa Bantu Bwoy bwo kumara imyaka iri hagati y’5 na 10 kugira babone kugarukana uburyo bariko bashira mu mugwi w’umupira w’amaguru kuko usaba uburyo butari buke.

Bacumi yarabahumurije aho yavuze ko bishoboka ariko mu mice 2, uwa 1 akaba ari Bantu Bwoy ubwabo bashiramwo amafaranga, ariko kandi hakabaho n’umuce w’umugwizatunga yoshima gushinga umugwi ariko bakoresheje izina rya Bantu Bwoy. Iyo nzira ya 2 ikaba ari nayo abona ko yoba nziza kuko ngo bamuronse agashiramwo amafaranga n’igikundiro basanze bafise ngo vyoca bituma ibintu biba amavuta.

Naho umutambukanyi wa Mugani ariwe Kimana Edith Stein ashima cane kuri iyo ntambwe ya Bacumi, abandi bo babona ko uwo mugwi wa Bantu Bwoy ibintu ngo bobitwara gahoro kuko musi y’izibu ngo ibintu bihinduka mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

Mwomenya ko ugushiramwo amafarana make, ariko hagakoreshwa izina ryawe bitari bishasha cane cane ku bantu baba bazwi, kuko no muri Tanzania, muri Wasafi Media bivurwa koa ri iya Diamond, uwo mugabo adafise ibice bishika kuri 50% vy’amafaranga yashizwe muri ico kinyamakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037