BurundiEntertainmentkirundi

Amarira n ‘agahinda, Madiba ntako yobisigura

Hakizimana Issa azwi kw’izina rya Madiba the Classic n’umwana agira ga 3 mu bana 4 ku musi w’Imana w’igenekerezo rya 21Ruhuhuma niho yashikirwa n ‘inkuru itigera yorohera umuntu uwari wese ngaha kw’isi ,uretseko bisaba kuvyakira kuko twese ariyonzira

Urupfu aho rudodoye rusiga agahinda n’ububabaro nk’ayo rwasize Mu muryango wa Madiba mukubatwara Umuvyeyi bakunda akaba na serugo, bakaba basigaranye umuvyeyi umwe ariwe Nyina w’abana.
Agiye asize abana 4 abakobwa ba 2 nabahungu 2 n’abuzukuru 2

Kubwa Madiba ngw’abuze Umuvyeyi, akaba na Manager wiwe kuko ariwe yamufasha mu bikorwa vyiwe vy’umuziki ngo biragoye gutahura Ariko Imana ngw’imwakire mubwami bwayo.

Madiba akaba ari umuririmvyi w’ umurundi mu rwaruka rushushe(New Generation) akaba yaraherutse gushirahabona indirimbo iriko irabica bigacikika

Indundi Magazine ikaba ihojeje umuryango wabuze w’ibutsa kwikigandaro kiriko kibera mu Kibenga aho basanzwe baba.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583