BurundihomepageIKIRUNDI_news

Amashirahamwe mpuzamakungu yagendeye ahabitswe ibisigarira vy’abishwe mu 1972

Abeserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu bagendeye, kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2021 ahabitswe ibisigarira vy’abarundi bagandaguwe mu mwaka w’1972.

Mu murwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR bamenyesha ko uwo murwi wabikoze mu  ntumbero yo kumenyesha amakungu ivyo uwo murwi umaze gushikako kuva utanguye ivyo bikorwa vyo kuzira ibisigarira vy’abarundi bagandaguwe mu mwaka w’1972.

Ni mu rugendo bariko barakora mu Burundi, “Semaine diplomatique” rwatunganijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu hamwe no gufashanya mw’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717