BurundiÉnergieEntertainmentkirundi

Amateka yandi ahejeje gukorwa mu muziki ndundi .

Esther Nish , umuririmvyikazi ari munsi y’uburongozi bwa Label ya “BukivLab”ahejeje gukora amateka mu muziki ndundi aho ururirimbo rwiwe yakoranye n’umwe mu ba legend b’umuziki ndundi Kidum ,rwiswe “Umbamwo ” ruhejeje gukwiza ama vues angana n’umuriyoni kuri YouTube mu kiringo c’umwaka umwe giheze urwo ruririmbo rusohowe.

Esther Nish , abicishije ku mbuga ziwe , akaba atahengeshanije kwerekana umunezero wiwe yongera anashimira abarundi babandanya kwamamaza no gushigikira umuziki ndundi .

“Umbamwo” rukaba rwabaye ururirimbo rwamenyekanishije cane Esther Nish hano mu Burundi no mu makungu, ubona ko ari mubatowe mw’ihiganwa rya SICA AWARDS aho azoserukira Uburundi n’ururirimbo rwiwe yise “Kavorivori.”

 

Esther Nish akaba abaye umuririmvyikazi wa kabiri yandikishije ayo mateka nyuma ya Iry Tina Da Queen n’ururirimbo rwiwe “Hold Me ”

Ifoto yanje yaranteje imbere| Abagwizatunga n’abaririmvyi badushigikire tunabashe gukorana nabo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583