IKIRUNDI_news

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y’igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku musi w’ejo igenekerezo rya 17/9.  

Abatari bake bakaba babonetse ko Ari urunganwe rushasha rw’abamenyeshamakuru, abatari bakaba Ari bamwe mu bakorera ku mbuga ngurukamabumenyi nka YouTube.

Abo twabashije kubona muri Story ya Facebook yiwe, harimwo ubutumwa bwa Hosy Irakoze atwara Siren Vibe Tv, Dj Pro atwara Platform show Tv, Isaac atwara Isaac Tv hamwe na Landry Promoter atwara Hittop Tv yakoreye Repost y’ubutumwa yari yamwandikiye.

Ariko ubundi butumwa twabashije kubona, bukaba Ari ubutumwa bw’abahoze bakorana n’uwo mutegetsi, nka Styve Derrick uno musi abarizwa muri Sweden, akaba atwara insamirizi Hope for Africa Radio.

Mu baririmvyi hakaba habonetsemwo Olegue kuri Story y’urubuga rwa Amb. Willy Nyamitwe.

Izo Post zose zashizwe muri story zikaba zaherekejwe na Hashtag ya #tumenyane mugize imisi mwumva ivugwa na Olegue ubwiwe ko ishobora kuba Ari Indirimbo nshasha azoshira ahabona.

Icabonetse muri ubwo butumwa Bose babashije gushikiriza nuko Amb. Wlly Nyamitwe asanzwe ajejwe igisata co gutanga amakuru mu biri vy’umukuru w’igihugu, Ari hafi cane y’urwo rwaruka uno musi rumufata nk’umuvyeyi warwo.

Amb. WILLY Nyamitwe akaba akwije imyaka 49 y’amavuko nkuko urubuga rwa Google rwerekana ko yavutse mu mwaka w’1972.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036