IKIRUNDI_news

Ami Pro ngo Mb Data ntihari bwagere ko ashinga Label yiwe

Muri ino misi haragize imisi haboneka indirimbo n’abaririmvyi biri musi y’uburongozi bwa  Mb Data, umwe mu baririmvyi b’abarundi baciye mu minwe ya Amir muri MA Production.

Mu kiganiro Hit Connection ku kuri uyu wa mbere kigarama, umumenyeshamakuru Ami Pro the Mc yarakeje uwo muririmvyi ku ciyumviro co gufasha abandi baririmvyi, ariko akabona ko intumbero biriko birafata uwo muririmvyi ngo hatari bwagere ko ayitera.

Ami akaba abona ko kuba hariko hiyongera abandi baririmvyi hampande ya Noria bari bagize imisi bariko barakorana, ngo vyukuri atari iciyumviro ciza na gato, kuko ngo ibisabwa uwo muririmvyi atavyo azoshobora.

Uwo muririmvyi akaba yatanze akarorero k’ayandi ma Management atandukanye nka Bantu Bwoy Ent na Empire Avenue nabo bateye iyo ntambwe, ariko ngo uno bisa n’ivyabataye ku wamazi kuko abaririmvyi basigaranye baharurwa ku ntoke.

Ico ciyumviro akaba tagisangiye nabo basangiye kuremesha ico kiganiro kuko kubwa Juste Gael ngo igikenewe atari uburyo, naho nabwo ari ngirakamaro, ariko ngo ari intumbero n’ubumenyi muri ico gikorwa, ivyo navyo ngo uwo muririmvyi Mb Data asanzwe abifise kuko amaze igihe muri uwo mwuga.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe hitezwe kumenyekana uwundi muririmvyikazi ngo azoja musi y’uburyongozi bwa Mb Data mu misi ya Vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036