IKIRUNDI_news

Amicale des musiciens: Isango ry’amatora ryungurujwe

Kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2021 Romeo Ininahazwe yaramutse atumiraa banditsi n’abamenyeshamakuru ku kibaza gikoreramwo ishirahamwe ry’abaririmvyi.

Roméo Ininahazwe arongoye ishirahamwe ry’abarimvyi AMB

Ikintu nyamakuru kwari ugushima ivyaranguwe mu gihe amaze atwara ivyimfatakibanza ikiringo c’umwaka wose, aho ashimira cane cane abanywanyi biryo shirahamwe ukuntu bitanze ku ntererano itangwa Ku kwezi Ku kwezi, ndetse n’abaririmvyi ukungene bagiye bavyifatamwo neza.

Akaba yanamenyesheje kandi Ko isango ryari rizwi ryahindutse igenekerezo rya 29 Kigarama 2021 ryahindutse.

Nayo kuba yabimenyesheje ateba akaba ari uko nawe yabimenyeshejwe bitevye n’abamukurira.

kubw’izomvo amatora akazoba kw’igenekerezo ry’icenda Nzero 2022.

Nayo kubera isango ryahindutse n’abitoza bongerejwe uburengazira bwokubandanya biyamamaza bikazohagara gushika imbere y’imisi ibiri imbere yuko amatora aba
ni ukuvuga gushika igenekerezo ry’indwi Nzero 2022.
yarangije asaba abazotora kubandanya bitunganya mu gutanga intererano amatora aze yitabirwe na benshi baze batwarwe bitoreye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037