IKIRUNDI_news

#Amicale des musiciens |Natasha na Kaka Boney mu bahawe agashimwe na Romeo

Hari kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021 aho Romeo Ininahazwe aramutswa Amical des musiciens yahamagaza inama ihuza abaririmvyi abamenyeshamakuru, abaserukira ikigo ndangamico c’abafaransa mu Burundi, abaserukira ubushikirangaji bw’inkino, imicokama ndetse n’ivyinjira ry’Uburundi muri EAC kuri club du Lac Tanganyika.

 

Ivyihwezwa nyamukuru kwari ugushikiriza ibikorwa nyamukuru bimaze kurangurwa kuva aramutswa iryo shirahamwe, agaheza agatanga n’ubushimwe ku bantu yabonye ko babaye hafi iryo shirahamwe mu migambi yaryo.

Romeo aremeza neza ko abaririmvyi bamwitabiriye mugikorwa co kwiyandikira no gutanga intererano, akaba ari naco gituma avuga ko amatora yimirije yo gutora umurongozi y’itorewe na bose azogenda neza.
Akanamenyesha ko uburyo buhari,
abahawe urupapuro bw’impanya bushozi akaba ari Club du lac,Natasha,Kaka Boney,ikigo C’abafaransa……….
Uwurongoye Club du Lac akaba yashoboye kumubaza impamvu ishirahamwe ry’abaririmvyi baryise, “Amical des musiciens” nawe akagira ati:”Abaritoye bisunze ko yoba ari umuryango w’abaririmvyi ndetse nabandi bafise izindi mpano ariko bakunda abaririmvyi, badasizwe inyuma ababasha bose, bompi bagize umuryango umwe ariwo bise Amical des musiciens.”
yarangije avuga ko amatora agiye gutegurwa vuba, nayo umuntu wese yiyandikishije akaba afise uburenganzira bwo gutora no kwitoza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037