IKIRUNDI_news

Andy Mwag aguma yandikisha amateka mu makungu

Uretse ko afise ijwi ryiza aranavuza Guitare solo, bimwe mu bimutandukanya n’abaririmvyi batari bake ba hano.

Ubu abarizwa mu gihugu c’Urwanda aho yajanywe no guhereza album yiwe agiye gushira ku mugaragaro atarashima kuvuga izina canke indirimbo zizoba ziyigize.

Indirimbo yiwe ” Nisaidiye” niyo yashoboye kunyengetera mu bantu cane aho ahariho hose akoreye ibiteramo adasiba kuyisabwa n’abakunzi biwe.

Aho nyene ari muri ico gihugu igenekerezo rya 1 Kigarama 2021 yaratumiwe mw’iyugururwa icese rya “forum du secteur privé africain sur le déplacement forcé”, aho abaririmvyi batandukanye bateramishije abantu bari batumiwe.

Yaronse akaryo ko guhurira kuri scène n’umuririmvyi wo muri Nigeria Oficial2 Baba.
Yaranashoboye kuririmba amajambo amwamwe yo mundirimbo ” Nisaidiye” na Andy amuvugiriza Guitare, wari umunezero ku muririmvyi w’umurundi Andy Mwag impano yiwe ko ishigikiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036