kirundi_entertainment

Andy Mwag arugurutse uko album yiwe izoba imeze

Andy ni umuririmvyi akunda kuboneka mu muziki w’ikibiriraho arikumwe na Cool Band igizwe na Olga,Chico,Greta bakorera kuri Zanzir Bar, barabica bigacika narirya ari n’umuririmvyi akabari n’umuhinga mukuvuza guitare.

Hagati yaho amaze gushira ahabona album ziwe zibiri( Nisaidie na Iyamirize)ariko ngo agiye kurekura iyindi album yiwe izoba igize iya 3 izoba irimwo abaririmvyi mva mahanga n’abo ngaha atarashima kubavuga
ikazoba igizwe n’indirimbo 14 igihe izosohokera ntarashima kugishikiriza
ziriko zikorerwa muri Kuza muzik aho asanzwe arangurira Ibikorwa vyiwe nka vyose.

Bafise n’umugambi wo gufasha abaririmvyikazi nkuko vyagaragaye igihe yashira ahabona album yiwe Iyamirize yarashigikiwe n’abaririmvyikazi narirya ivuga cane Ku kuntu twotuza amabi akorerwa abakenyezi.
Mu kiganiro yagiranye na Indundi magazine Mwag ntiyashimye kuvuga neza ryari iyo album izosohokera agasaba kubandanya ashigikirwa igihe nicagera azobimenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036