BurundiEntertainmentkirundi

Andy Mwag, Rally Joe, na Christian Nsavye mu giteramo kimwe

 

Inyuma y’ibiteramo mu mihingo myinshi y’isi Andy Mwaga agiye gukora igiteramo ciwe ca mbere mu guhugu c’Uburundi.

Andy Mwag yamenyekanye cane nk’umucuraranzi ntasubirizwa muri kano karere avuza guitar Solo, aboneka mu biteramo vyinshi vy’abaririmvyi nka Kidumu, Buravan n’abandi, anaboneka no ku ma scene Mpuzamakungu nko mu  Ubufaransa ndetse n’ibihugu vyinshi vyo muri Africa bivuga igifansa niwe agiye guteramisha abarundi kuri IFB(ex CCF).

Hakazoba ari kw’igebekerezo rya 21 Munyonyo aho azoba arikumwe n’abarimvyi nka Rally Joe, Kusikiti Slamer, n’umuryosha biroriri Christian Nsavye, hakazoba ari mu giteramo kivugirijweho (Live music) akazoba ari kumwe na band yiwe yose.

Muri ico giteramo Andy akazoba aramutse ashira ahabona icese urukurikirane rw’indirimbo ziwe yise Nisaidie, abakuzi b Umuziki ndetse n’abakunzi ba Andy mu kaba muhawe ikaze kuko kwinjira bisa nkaho ari ku buntu kandi mu kibanza ciza n’umuziki mwiza.

Mushobora kumenya vyinshi mu kiganiro na Indundi Tv aha musi

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583