IKIRUNDI_news

Annick Kabatesi kuriwe ni umunezero udasanzwe

Ni umurundikazi yitanze bidasanzwe mu gukundisha abarundi akaranga mu kwambara impuzu z’ibiti, niwe yazikora akongera akagira n’ikibanza azidandarizamwo kuri (musée vivant).

Ntivyari vyoroshe ariko yaravyitangiye cane gushika aho n’umukuru w’igihugu ashima ibikorwa vyiwe, aranamuha agashimwe k’umuntu akunda igihugu ciwe.

Ariko ubu tuvugana abarizwa mu gihugu c’Ububirigi aho tugerageje kumukurikirana umengo iyo mpano ntayo yabandanije akaba naho yarayibandanije ntagishima kubishira ku mugaragaro.

Amafoto amwerekana ko yibungenze yarayashize ku mbuga ziwe ngurukana bumenyi vyemeza ko avyishimiye, amezi icenda yarangiye ivyamwa vyabonetse, yashizeko ifoto ari kumwe n’ikibondo ciwe.

Mudufashe tumukeze Imana imurindire ikibondo imuhe n’amagara meza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037