Entertainment

Aslove kamwe kuza mu Burundi biri mu mugambi nubwo ataramenya isango

Aslove n’umuririmvyi w’umurundi avuka mu Rumonge yakuriye i Bujumbura, aho yatanguriye akazi kiwe ko kuririmba ubu akaba abarizwa muri South Afrika.

 

Mu mwaka 2014 niho yinjira muri studio asohora indirimbo yiwe yambere, nayo ngo umuziki ngo n’impano yiwe yisanzemwo Kandi umuziki arawukunda cane ntarota awuheba nubwo hatabura ibimuca intege.

Igenekerezo rya 3 Nzero 2023 niho yarekuye Ep yiwe yise “Always Ep” igizwe n’indirimbo 5
Imbere yuko arekura Ep yarasanzwe afise indirimbo 7
Zose zikaba ziboneka ku rubuga rwiwe rwa YouTube
“Aslove Kamwe”

Ico asaba abarundi n’ukubandanya mumushigikira kuko ngo gukora umuziki uri mu mahanga biragoye cane yamara ngo aranakumbuye mu gihugu c’amavukiro nubwo ataramenya neza na neza niryari azoza ariko biri mumigambi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332