BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Mutima baramuteranye Kuri Twitter 

Kuvuga Kwa Mutima ko yibarutse, vyateje uruhagarara Kuri Twitter, nkuko twabashije kubibona.

Nkuko bimenyerewe Kuri Twitter, co kimwe no kuri Facebook, iyo hari ikintu kibaye, abantu babivugako cane, rimwe na rimwe bakanavuga na nabi.

Mutima nawe ntiyorohewe, kuko abatari bake basangizanije amashusho yafatanijwe yiwe n’umugore wiwe, aho berekanye ko hagati y’igihe yagiriye ubugeni n’uwo mukobwa barikumwe kuva bakiri bato, n’igihe bibarukiye, ngo harimwo amezi 6 gusa.

Mutima ntitwabashije kubona aho yishuye abantu babivuga, ariko abamubereye mu kibanza bo ntibabuze, kuko hariho abatari bake biyamirije iyo ngendo yo kuraba ivyabandi.

Umwe mubo twabashije kubona, akaba yamenyesheje ko abo Kuri Facebook aribo babikoze, uwundi avuga ko bitabereye ko uja guharurira inda y’uwundi Mugabo.

Uwitwa Kenzo Igiraneza Yanditse agira ati :” Erega naho mukunda inkuru, n’ukutagira indero. Wewe uja guharurira inda y’umugore atari rwawe gute?” Ba Mwisonera.”

Nayo uwitwa Star Rugori, akaba yavuze ko ivyabaye cari gikorwa c’Imana, yandika avuga ngo :” Ikorera igihe, Imana ni nziza.”

Ibi bikaba vyaciye bihurirana neza neza n’uko Mutima nawe yariko asaba abantu bariko bamukeza bamubwira ngo niyonkwe, ko boraba bakabihagarika, kuko we ata mabere agira.

Uno musi Mutima le Comedien akaba ariwe mu Comedien wenyene Akora ama Video atwenza akunzwe cane, kuko uravye ibiharuro Kuri YouTube, ama Video yiwe akaba ariyo abona abantu benshi cane gusumba abandi.

Mutima Kandi akaba adakora wenyene, akaba afise umugwi utari muto, Kandi binaboneka ko uguma waguka bakorana mu gukora ama Video, akunze kuboneka ku rubuga rwa YouTube rwa Indundi Tv.

Mutima Kandi akaba ariwe mu Comedien agize igihe ariko araboneka ko akorana n’amashirahamwe atandukanye, arimwo mato mato n’ayakomeye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760