BurundikirundiUncategorizedyouth

Assurance: Waba wifuza kuzobandanya uri hafi y’abawe naho utazoba ukihari?

Naho rero dusanzwe tuzi neza ko ubuzima ari urugendo kandi ata n’uwuzi igihe azokwigendera, biraheza yamara bikatugora ukwiyumvira ikijanye n’uko tuzohava twigendera. Akavuze wa mukecuru ati ”ivyo nkavyanka” yumvise inkuba iturikije, abahinga basanga ngo kubera vy’ukuri ata muntu muri rusangi yifuza gusezera isi, ngo hari ibiri muri twebwe mu buryo bw’ibishobisho bituma umuntu yama yamirira kure ivyo vyiyumviro vyose vyoza kumwibutsa ko azohava ashengera.

Abasokuru baradusigiye ijambo “Ukuruhama”. Biraheza bigaca bisa nk’uko umengo twiyumviriye ibijanye n’ivy’urupfu rwacu twoba turiko turaruhama. Turaheza tugaca tuzibirira kure, maze bikanatubuza n’ukwiyumvira bino canke biriya vyotuma igenda ryacu ryogabanya ububabare abatazoba barashikirwa.

Yamara, ikibazo si ico mbere n’ukwibaza ibinyegezwa bijanye n’ibikikije igenda ryawe, nyabuna umuntu yogira inguvu akiyumvira ati mbega nogira gute ubu nkiriho kugira ngo ni vyashika ejo simbe ngihemuka abo nzoba nsize( ceux dont je suis responsable) boye kuzohava bagira ugusha n’ukugoka, maze, hejuru y’umubabaro bazoba bafise y’uko batakikubonye bahave bongerako ayandi marushwa y’ukataronka n’utwo bafungura canke naho bakika umusaya.

Umusi wose umuntu avyutse  ari muzima yokwama azirikana ko ari ayandi mahirwe ahawe y’ukugira ategure ibizoba inyuma y’aho atazo akiza arabona akazuba.

Mu buryo bwo ngaha kw’isi, ubwishingizi ni kimwe cogufasha kugira werekane wongere ushimangire umutuma w’urukundo ufitiye abo uzanira umukate uwu musi. Ni ko kanya ufise k’ukurondera uburyo bw’ukuzobaguma hafi kandi utakiri hafi.

Ubwishingizi buragushoboje kuzosigara buraha umuryango wawe ibingana n’ivyo wifuza uko bizogenda ufatiye ku buryo uriko uraziganya uwu musi.

Ubuhinga bunyuranye bwarategekanijwe n’abahinga, aho barondeye uburyo bwose bwoshobora gutuma umuntu agira umutima w’ituze akamenya ko icomubako cose kitotuma abiwe basigara bareza amaso inyoni, basaba uwo batosavye.

Ubuzima ni amahirwe, akanya  ugihawe k’ugutegura ibizoba inyuma yabwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 534