IKIRUNDI_news

Ayandi masanamu yabonetse Big Fizzo ari muri Tanzania yoba nayo azovunjwamwo indirimbo?

Inyuma y’igihe abakunzi b’umuziki ndundi cane cane abafana a Big Fizzo bataraba ryiza uwo muririmvyi wabo, kubera ibura rya Collabo n’ibihangange muri Kano karere, umutima ushobora kuba ugiye gusubira mu nda. 

Kuri uyu wa kane amasaha y’ijoro niho umuririmvyi Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram yashira ahabona agace gato k’amasanamu y’indirimbo yakoranye na Jux, indirimbo iri muzirindiranywe igishika cinshi.

Ayo masanamu y’iyo ndirimbo uwo muririmvyi akaba yayakoze aho yari yafashe urugendo rwamushikanye mu gihugu ca Tanzania, aho yari yajanywe n’ugukora ireresi, aho yahuriyemwo n’abandi nka Harmonize canke Awilo longomba. Nayo indirimbo yo bikaba bishoboka koi maze igihe kitari gito.

Umuntu akaba aca yibaza niba, amashusho (Photo) atandukanye yabonetse aho yari muri Tanzania, hazovamwo indirimbo, nkuko tubibonye ko yashimye gukora ikindi gikorwa hampande y’ivyari vyavuzwe vyari vyamushikanye muri ico gihugu kibazwa Mama Samia.

Mwomenya ko Jux azoba abaye umunyamahanga wa 2 Big Fizzo bakoranye ariwe amwirondereye, uwundi akaba yari umunya Nigeria, ariko ho hakaba haheze igihe kitari gito.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037