IKIRUNDI_news

Ayo Cool Up yari yimye Audry, abafana bari bayamwihereye

Abari bagize imisi babona abakina udukino two gutwenza abantu ku mbuga ngurukanabumenyi nka Instagram bariko barakina bakoresha ikinyobwa Cool Up, bwabundi ngo ntikwari ugukorana nkuko bamwe bari bavyibajije, ahubwo bari mw’irushanwa ry’ama Views ngo bikunde bahitemwo bamwe.

Ku musi w’ejo kuri urwo rubuga rwa Instagram rusanzwe ruhurumbiwe muri ino misi hano iwacu,  umwe mu bakinyi b’ugutwenza, Audry Izere imyidogo yari yose kuko bamurengejeko uwo yaransumvya ama Views.

Kuri Story yiwe aho yariko yidogera abantu batari bake baramuhojeje, bamwe bamwe bamwereka ko amahiganwa hano iwacu ariko yama ameze, abandi banamusaba kubabwira uburyo bomurungikira impozamarira, kuko yarahejeje kurenganywa.

Mu masaha makeya, imyidogo y’abatari bake bagiye basaba Cool Up gukosora ako karenganyo kari gahejeje kugirirwa uwo mukinyi w’amareresi, yahavuye igira ico ivuye, kuko Audry yahavuye yandika ku rubuga rwiwe rwa Instagram avuga ko bahavuye bumvikana ikibazo catorewe inyishu.

None ubwo bisigura ko Audry agiye kuba umuserukizi wa Cool Up? Canke yoba agiye kuronka ikiraka co gukora imenyekanishwa ry’ico kinyobwa biciye mu masanamu canke mu majwi? Biracagoye kwemeza, ariko icabonetse ko nuko abakunzi ba Audry bamuguye inyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037