homepage

B face ati uko bari bayiteze siko bayibonye

B face ngo amasanamu y’akaririmbo Number moja arayafise, arindiriye ko hagera gusa. Iyo yakoranye na Tom Close nayo ngo irindiriye gufatirwa amasanamu gusa.

Akaririmbo Number moja katavuzweko rumwe ngo uko abantu bakibaza siko bakarobonye. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na B Face ubwiwe.

Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu yavuze ko aravye uko abantu bagize ico bayivuzeko kuri YouTube n’ahandi, ngo nta nkeka abantu bayakiriye neza.

B face avuga ko hari n’ibindi bikorwa afise birimwo ico yakoranye na Tom Close wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko akirindiriye gukora amasanamu, ngo bikunde ayishire ahabona.

Muri ico kiyago yagiranye na Bujumbura Tv, B face akaba avuga ko afise umugambi wo gushitsa kuri ibikorwa vyiwe. Aho akavugamwo kwerekenwa ku mboneshakure zitandukanye co kimwe zikomakomeye zaba izo mu karere no mu makungu.

Mwomenya ko B Face azoshira ahabona amasanamu y’ako karirimbo Number moja, muri uku kwezi kwa 2. Akazoyashira ahabona mu giteramo yatunganije, Aho azoba arikumwe n’abandi baririmvyi batandukanye ngo bemeye kujushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686