IKIRUNDI_news

B face ngo muri Tagata na Primustar yahakuye ibirenze amafaranga

 Inyuma y’ukwidoga cane kubera batahabwa ikibanza abasanzwe bakora umudiho wa Hip Hop, akanagerageza amahiganwa anakomeye nka Primusic ariko bakamushira ku ruhande, B Face ngo iryo aheruka gutahukana ryamwigishije vyinshi. 

Yagize Ati : ” Experience nahakuye n’iyo guhiganwa, kuko guhiganwa biraterana ubwoba, uguma ufise ubwoba bwo kuvamwo, Kandi uvuyemwo ugasanga nyene biranagusarishije. Experience nakuyemwo niy’uko umuntu wese yotinyuka imbere yo kuja guhiganwa, akavuga ati hapfa uwavutse, Reka ngende bikunze bikunde, bidakunze naho nta kundi.”

“Iyindi experience niy’uko umuririmvyi wese yokwimenyereza umuziki wa Live, kubera uri proffesional, nibaza ko arico cerekana umu Artist Ari Complet, kubera studio zirafise ico zongeramwo nk’ama Auto-tune.”

” No muri Jury barabimbwiye, ngo ingene uririmba live ntavyo twari twiteze, ntavyo twari tukumenyereyeko, twoguhanura kubibandanya.”

Izo zikaba Ari inyishu zagiye zitangwa na B Face mu kiyago yagiranye na Alan The real mu kiyago bagiranye kuri Indundi Tv.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036