Entertainmenthomepage

B Face ngo nubwo atarakora kuri Visa, icizere kirahari.

Mu makuru yacu twabashikirije twababwiye ko B Face yitezwe muri Australia igenekerezo rya 2 Ruheshi 2023, ikibazo kiguma kigaruka ni mbega azoronka Visa, mwibaza ko vyifashe gute?

Uretse abagiye baramubaza akimenyesha abakunzi biwe ko afise ico giteramo bamwe bararema ngo nimba yarinze abishira ku mugaragaro ngo nuko afise icizere abandi nabo bakagarukana ivyashikiye bagenzi biwe ngo na Sat-B, Alvin Smith, Double Jay barigeze kubishira ku mugaragaro ariko vyarangiye batagiye

Ni kuri izo mvo rero zatumye Indundi Magazine irondera uwo muririmvyi kugira twumve ico abivugako

Indundi Magazine: n’amahoro B face?

B Face : n’amahoro turashima

Indundi Magazine : kuvyerekeranye n’urugendo rwawe rwo muri Australia vyamaze gutungana nta gisivya, aho tuvuga nko kukibazo ca Visa?

B Face: namarame nukuri icizere kirahari

Indundi magazine : nukuvuga Ubu turiko turavugana igenekerezo rya 23 Rusama 2023 Visa uyifise muntoke?

B Face : Oyaye ntayo ndaronka gusa ndafise icizere kandi kuba na affiche yarasotse n’ukwereka ababijejwe yuko bikenewe hamwe bobinyarutsa vyoba vyiza kandi nubwo vyoshika singende ntaribi kuko ndi iwacu kandi ndishimira i gihugu canje Uburundi

Nubwo rero ubona Ko afise icize ariko urabona ko nawe atavyizera ijana kw’ijana twarangije tumushimira tunamwipfuriza amahirwe

Tubibutse ko hamwe yoramuka agenda kizoba ari Igiteramo ciwe kigira 3 akoreye hanze y’igihugu aho turavuga nka Zambia,Dubaï no muri Australia bamwiteze,
akaba anaheruka mu Bugande gukora amasamu y’indirimbo yakoranye na Latinum
atarashima kuvuga ngo izosohoka ryari?

Indirimbo yiwe yamaze kumenyesha ko igiye gusohoka vuba izwi kw’izina rya “Nyaragasa”

Tubandanye tuyirindiriye ndetse tunamusabira

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722