IKIRUNDI_news

B Face ngo uburyo indirimbo z’ukwezi ku ma radio zitorwa, harimwo ubusuma bwinshi 

Insamirizi zibandanya zigwira hano iwacu, ariko kandi ni nako n’amahiganwa zitunganya nayo abandanya agwira. Insamirizi zitari nke ziriko zitegura amahiganwa aho batora indirimbo z’ukwezi.

Izo nsamisizi zikaba zikoresha uburyo gutorwa hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi na cane cane Facebook, navyo bikaba hano iwacu biraharawe cane, kandi bikaba biriko bihabwa ikibanza gikomeye cane, bitandukanye n’aho hambere hakoreshwa ubutumwa ku duhamagazo.

Bamwe mu baririmvyi bakaba babibonamwo ibibi vyinshi. B Face mu kiganiro yagiranye na Indundi Tv, akaba abona ko ubwo buryo bwo gutorwa bwohidurwa, kuko harimwo ubusuma bwinshi, butuma indirimbo zitari nziza zidaheza ngo zirengane, kandi arizo zari zikwiye kurengana.

Yagize ati : “ … Ibi bintu birimwo ikibazo gikomeye. Hariho abantu bitora bonyene, agashiramwo amafaranga ngo ni muntore, mbega iyo ndirimbo izoba itowe kubera iryoshe, canke kubera ufise amahera. Hategerezwa gushira umugwi utaga amanota muw’I radio,canke bagaterefona, vyovyo biba biciye mu muco. Ikintu nabonye indirimbo zirengana, n’uko witoye washizemwo umutahe, uwutayafise nubwo aba aririmba neza biramuhanga.

Jewe nk’akagohe nobavunira, nibiyaranje uburyo bwose indirimbo itorwe n’umunyagihugu tumwumve, ko yaterefonye akavuga ngo jewe natiye indirimbo ya B Face. ”

Uwo muririmvyi avuga ko we amafaranga yatanga ngo indirimbo yiwe itorwe kuba indirimbo y’ukwezi, ngo ubwo buryo bwoshirwa mu bindi, birimwo ama Clip Video n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037