BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

B Face ngo uri umuvugizi wama uraba hariya na hariya ngo ubishikirize abanyagihugu

Uno musi B Face ari mu baririmvyi baharurwa mu bandika indirimbo zidahera uburyohe naho iba imaze igihe kitari gito igisohotse, ibisigaye bitoroshe kubona mu baririmvyi bariko bararuka muri bino bihe.

Uwo muririmvyi B Face yavuze ico iyo ngendo afise yasa n’iyajanye n’urunganwe rwa ba Canco na ba Africa Nova ivako, anavuga n’impamvu abikora.

Uwo muririmvyi yavuze ko ataririmba ibimubako gusa kuko ari umuvugizi w’abenegihugu, aho avuga ko aho aca ivyo abona n’ivyo yumva bimubera isôko ry’inyandiko ikunzwe na benshi afise. Iyo nyifato avuga ko yamubereye umugisha kuko uno musi adashobora gutambuka kabiri adahuye n’uwo bimwe muvyo yanditse vyafashije.

Yagize ati : “ Mu Kirundi bavuga ngo n’uwutagira inka arabona aho zitaha, ibintu tubamwo ni vyinshi cane, urashobora kuba udafise ingorane ukazibona mu kibano. Uri umu Artiste, ntuvuga ibintu vyakubayeko gusa, uba uri umuvugizi w’abanyagihugu. Uri umuvugizi ufise kwama uraba hariya na hariya kugira ubishikirize abanyagihugu, nico gituma indirimbo nyinshi usanga ndaziririmvye, nkasanga ndiko ndonka ama Message y’abantu benshi, usanga ivyo nanditse vyabaye ku bantu barenga nk’igihumbi….”

Uwo muririmvyi avanga indirimbo z’urukundo n’iz’ubuzima bwa misi yose, akaba aheruka gushira ahabona akandi karirimbo gashasha yise UMM bivuga “Umwana Mu muryango”, iyo ikaba igaruka cane ku bijanye n’ubuzima bw’umwana mu muryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717