BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_news

B Face uwu mwaka n’uwubushimwe, yatahukanye Isanganiro award ku ncuro yayo ya10

Igenekerezo rya 26 Ntwarante 2022 niho hari hategekanijwe ibirori vyanyuma vyokumenyekanisha uwuzakuba uwa 1 mw’ihiganwa ryatunganijwe na Radio Télévision Isanganiro “Isanganiro Award” ryama riba uko umwaka utashe.

Indirimbo 9 nizo zari zisigaye mw’ihiganwa inyuma yaho umurwi Etoile du centre usokoreyemwo akarenge muri iryo higanwa mu ruririmbo rwabo “Gufosinga”

Abari basigaye muriryo higanwa vyari bigoye kumenya ngo ninde azotahukana ikibanza ca mbere kuko bose ntanumwe ya hobahoba
Esther Nish,Kirikou,Meili,B Face,Victorious Team,Tetero,we Love Music,Mb Data,Emery Sun.
Uburyo bwo gutora
hasabwa ko utorwa ku buryo bw’ubutumwa biciye kuri Telefone ndetse no ku mbuga ngurukana bumenyi hamwe na manota ya Jury, ariko ngo haburana babiri hagatsinda umwe.

Indirimbo “Kora “ya B Face niyo yatahukanye ikibanza ca mbere, ikibanza ca kabiri hari Meili ku ndirimbo yiwe “Arabesha” ikibanza ca gatatu ni Emery Sun ku ndirimbo” indyarya” uretse ubushimwe Isanganiro itanga ubwo bavuga kumugaragaro nk’igikombe n’ibahasha hariho n’ubundi bumenywa n’umuririmvyi gusa iba ari ibanga ryiwe aka kaba ari akabanga twibiwe n’abamaze gutahukana iryo higanwa.

Agashimwe gasumba twose akaba ari promotion y’Umwaka wose kuriyo nsamirizi.

Tubibutse ko iryo higanwa ryaheruka gutahukana Double jay mu ndirimbo yiwe” Nopfa”Ubu akaba agiye gusubirirwa na B face Ku ndirimbo kora.
Indundi Magazine ikaba ikije B_Face imwifurije iterambere rirama, ndetse n’Iradiyo na Télévision iramuye ikindi kibondo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 743