IKIRUNDI_news

B Face yerekanye uburyo atandukanyeko n’abandi mu gukora amasanamu y’indirimbo

Kimwe mu biranga uwafashe umwuga nk’umwuga ngo n’ukwama arara ari maso mpaka akazana bishasha, atari ukwama buri musi wamana vyabindi nyene, canke ngo usubiremwo ivyo abandi baba batoye. Ico ngo nico kintu umuririmvyi B Face yama akora buri gihe akoze amasanamu y’indirimbo.

B Face mu kiyago yagiranye na Magic Tv, umumenyeshamakuru yamubajije impamvu z’ukuja kure mu gukora amasanamu y’indirimbo ziwe,mu gihe abandi biguma hano hafi.  Uwo muririmvyi yamwishuye ko we atigera yipfuza gukora ivyo abandi bakoze, ngo yama ashaka kuzamwo akantu gashasha.

B Face yanamenyesheje ko kubera akurikirwa n’abantu benshi, ngo ashima kuja kwerekana ubwiza bw’igihugu ciwe c’amavukiro, nka Kirundo ku kiyaga, Iteza mu mirima y’icayi canke mu I gihanga n’ahandi hatandukanye, kugira abantu bazogire inyota yo kuza gutemberera ivyo bibanza vy’iratiro.

Yagize ati : “Jewe muri  Ndabe naraberetse ibibanza vy’I bugarama vyiza cane, nobaryohererwa kuja kwerekana  ivyo abanyamahanga bataraza ngaha bakwiye kubona, kuko zirya ntebe, utuzu twubatse neza, amabarabara barabifise, ariko Nature n’ikindi kintu. Nk’ikiyaga co mu Kirundi sindabona umuntu agifatirako amasanamu, kiretse abaja kuhagenderera bonyene. Rero niba narabikoze uko kubera nkurikiranwa n’abantu benshi, biroroshe ko umuntu ataraza mu Burundi yipfuza kuhaza  kubera yabibonye mu masanamu y’indirimbo.”

Ico gikorwa co gufata amasanamu y’indirimbo akoresheje ibibanza vy’iratiro hano iwacu, akaba ari muri bake babikora, kuko ngo binatwara amafaranga menshi nkuko nawe nyene yavyiyemereye muri ico kiganiro, aho yavuze ko abikora kuko nawe aba ashaka amasanamu meza cane.

Mwomenya ko indirimbo ziwe Ndabe n’iyiheruka gusohoka Uraruenze zabonetsemwo ibibanza bitari bike vy’ubwiza budakunze kuboneka ku masanamu y’indirimbo z’abarundi benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037