IKIRUNDI_news

B Kobra na Mow Kanzie bakoranye ngo batse umuriro muri iri ci I Bujumbura

Aho bukera igenekerezo rya 5/7, isaha zibiri z’igitondo, umuririmvyikazi B Kobra azoshira ahabona akaririmbo gashasha. AKo karirimbo kakaba kazosohoka ari amajwi co kimwe n’amasanamu.

Ako karirimbo kitezwe n’abatari bake, kandi bivugwa ko gashobora kuzoba kari mu ndirimbo zizokundwa bivanye n’uburyo ikozwe nkuko tubikesha abamwegereye, yayikoranye na Mow Kanzie aheruka gukorana n’umuririmvyikazi Wiz Design.

Iyo ndirimbo ikaba izoba ije ikurikira izo amaze gukora zakunzwe n’abatari bake, zirimwo Like yakoranye na Kirikou Akili, hamwe na Gimme nayo yakunzwe n’abatari bake.

Ako karirimbo kaje mu ntumbero yo kubandanya gutuma abantu baryoherwa muri irici, kiswe Fine Gyal, Amasanamu yakozwe na Brian Smith, nayo Xfecta nawe akora amajwi yayo.

Mwomenya ko B Kobra ari mu bigeme bifashe neza muri Buja Flava muri ino misi, co kimwe na Mow Kanzie nawe ahagaze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037