homepage

Bagenzinikindi yashigikiye biboneka mu kugura CD ya Vichou Love

Bagenzinikindi pasteur ari mu baguze urukurikirane rw’indirimbo Vichou Peace and Love yariko ashira ahabona, akaba ari mu baje imbere mu kuyigura uburyo bufadika.

Bagenzinikindi Pasteur ahejeje kugura CD

Abatari bake barabashije kwemera kuzotanga amafaranga atari make ngo bikunde bashigikire umuririmvyi Vichou mu gikorwa c’umuziki arimwo. Iryo shigikirwa rikaba ryafatiwe ku kugurisha CD y’izo nkurikirane 2 yariko arashira ahabona uwo musi.

Izo nkurikirane 2 zikaba zaguzwe n’abatari bake, bamwe bakaba batanze amafaranga ari musi y’umuliyoni, ariko 3 gusa nibo babashije gutanga amafaranaga arenga umuliyoni w’amarundi. Mu babashije gushigikira uwo muririmvyi kuri urwo rugezo hakaba harimwo Bagenzinikindi Pastor asanzwe ariwe yatanguje kandi ashigikira ikinyamakuru www.indundi.com biciye mu Company yiwe ifise icicaro muri leta zunze ubumwe za amerika, BINM “Bagenzi International Network Media”, uwo akaba yemeye kuzotanga ayangana n’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi.

Nkuko yabishikirije muri Concert yo gushira ahabona izo nkurikirane, Bagenzinikindi abarizwa I Bujumbura muri kino gihe ngo yarashimye indirimbo zigize izo nkurikirane nico gituma yashimye nawe gutera ako gacumu k’Ubumwe.

Bagenzi akaba atafashije uwo gusa kuko mu myaka yaheze yigeze kuba ashigikira n’itegurwa ry’ibiteramo bitandukanye  hano iwacu, canke ikorwa ry’indirimbo mbere n’ishirwa ku mbuga zigurishwa umuziki indirimbo z’abaririmvyi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686