IKIRUNDI_news

Bahaga agiye kugaruka mu muziki. Hari ihiganwa rizobamwo?

Burikukiye Prosper Magloire Christian Martial Bucumi niyo mazina y’ukuri y’umuririmvyi w’inararibonye w’umurundi abarizwa muri kino gihe hano iwacu ariwe Bahaga, akaba aje avuye kwaba Cristiano muri Portugal, ngo niho asanzwe aba.

Mu kiganiro na Jimbere Magazine, yavuze iyo iryo zina “Bahaga” ryavuye aho yavuze ko iryo zina ryakomotse ku mwami yahaye imbibe Uburundi uno musi bufise, uwo nawe ngo yitwa “Ruhaga”, noneho baca biyita abuzukuru biwe, ariho baca biyita “Abahaga”, abo bari abagize umurwi wa “Ntahangwa River”.

Yagize ati : “Twaravye kahise k’Uburundi dusanga umwami yahaye Uburundi imbibe bufise uno musi yitwa Ruhaga, duca twiyita twebwe mu gihe twagira umurwi wacu witwa Ntahangwa River, twiyita abuzukuru ba Ruhaga, twitwa Abahaga. Abahaga ntiyari umuntu 1, umwe yitwa Umuhaga, ariko ubu banyita Bahaga. “

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko afise umugambi wo gusubira kuboneka umwanya munini mu muziki, akaba afise n’umugambi wo kwigisha ababishaka ibijanye n’umuziki, s’ico gusa kuko ngo mu misi iza azonaboneka mu biteramo bitandukanye azoba yikoreye we ubwiwe.

Mwomenya ko umuzo abatari bake bari bazi ko umuzanye ari uruhererekane rw’ibiteramo biriko birategurwa bizoba mu mpera z’uku kwezi, aho azoba arikumwe n’abandi baririmvyi bakomeye nka Africa Nova n’abandi batari bake barimwo n’aburu runganwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036