BurundihomepageIKIRUNDI_newsSCIENCES & TECHNOLOGIES

Bahamarirwa gukemura ikibazo ca internet mu maguru masha

Abarongoye amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru bahamagarirwa kwikubita agashi mu guteza imbere igisata c’ubuhinga bwa none mu gutanga umuhora wa interenete inyaruka.

Ako kamo bagatewe, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Rusama 2021 na Prosper Bazombaza, icegera c’umukuru w’igihugu mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ubuhinga bwa none bwo kumenyesha amakuru.

Bamwe mu barongoye ayo mashirahamwe basaba Reta ko yobagabanirize amatagisi n’amakoro bavuga ko ari menshi kugira boroherwe mu kwinjiza mu gihugu ibikoresho vyo guhanahana amakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 702