IKIRUNDI_news

#Empire avenue| Ni Bande bagiye nabi mu bahoze mu nzu kwa Sat B?

Mbega ni bande boba barataye umuryango, kugira umuntu ate umuryango haba habaye iki?
Iri jambo ryashikirijwe na Sat B abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook yiwe yagize ati:”Ejo tuzobaha umuzigo imigisha kubataye umuryango iterambere kubasigaye n ‘abagiye ku neza .

Imisi yose icubahiro ni ku Mana.”
Iryo jambo uriravye ni imvugo ishize ahabona akari ku mutima wuwo muririmvyi, aho biboneka ko bamwe mu baririmvyi yari yarashize mu nzu yiwe harimwo abamuteye akagere bagenda ku neza, n’abagiye ku nabi atashimye kuvugira hehuru.

Empire avenue yatanguranye n’abaririmvyi batari bake, ubu haka hasigaye abatarenga ba 2 nawe nyene ubwiwe ,abo nabo ni Belle Nice umufasha wiwe na Berturo.

Umurwi Best life warakinjuye, Miss Erika yatangaje ko uwusigaye ari umugabo wiwe ariwe ahagarariye ibikorwa vyiwe nka manageur ubu akaba atakibarizwa muri Empire.
Naho biri uko Erica aracafise imigenderanire myiza n’abari muri Empire ngira niwe yavuzwe ko yagiye ku neza basabiye iterambere.
Ururirimbo yaduhaye isango ko ruzosohoka aho bukera kw’igenekerezo rya 29 Rusama rurindiranywe igishika n’abakunzi b’umuziki ndundi kuko bari bamaze imisi bari mugacerere, iyo ndirimbo ikazohuza Belle nice na Berturo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020