IKIRUNDI_news

Bainturo ngo s’ikijuju, ahubwo yihangana kuko afise ico ariko arondera

Abibaza ko ari ikijuju kugira agume muri management ituma adasohora indirimbo nyinshi ngo baribesha cane, ivyo n’ibishikirizwa na Bainturo ubwiwe mu kiganiro aheruka kugirana na mugenzi wacu akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro avuga ko ugusohora indirimbo nke kuriwe ngo abishima kuko afise ico ashaka, ariko kandi ngo n’uburyo ariko ararerwa kandi nawe aremera ubwo burezi ariko arahabwa.

Bainturo avuga ko ubu naho yemera kwihangana agasohora indirimbo ziharuye ku ntoke, ariko ngo siko bizokwama kuko buri gihe ibintu bipangwa ugutandukanye.

Yagize ati : “ Management iba ihari, kandi niyo iba ikora umuririmvyi. Rero ico s’ikibazo canje n’ikibazo ca Management , ariko kuba ndimwo hari ibikorwa mba mfise nkora muriyo. Kumva ko nsohora indirimbo nke, uba wibaza ko ariyo Faiblesse yanje, ahubwo mba mfise ikintu mba ndiko ndarondera kuri jewe. Uko biba bipanze niko jewe nko muri uwo mwanya mba ndabibona ko biba bimeze, ariko ntabwo ariko biba bikwiye kumera umwanya uwariwo wose, ariko nko muri ico gihe niko mba mbona biba bimeze. Mu gihe mba nipfuza guhindura umukenyura, bivanye na Target y’ikintu nshaka, biba bigenda uko nyene.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hariko hakwirakwizwa amashusho yerekana ifatwa ry’amasanamu y’indirimbo yafashije Belle Nice, iyo ndirimbo ikaba iri muri EP ya Belle nice aheruka gushira ahabona yise “Ibintu”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036