IKIRUNDI_news

Bainturo ntabona kumwe n’abandi ibijanye n’ikinjura ryiwe muri Empire Avenue

Ibiriko biraba vyose hagati ya Empire Avenue na Bainturo ngo n’ibintu bisanzwe biba bipanze, s’igihamana.  

Hagati ya Bainturo na management yiwe ngo nta kibazo na kimwe gihari, ababishikiriza ngo avuga ko ari ibihuha gusa. Ivyo nivyo uwo muririmvyi yashikirije mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga kandi ko kubavuga ko ashobora kuva muri Empire kubera ko boba batamuha umwanya wo gusohora indirimbo ziwe, ngo navyo sivyo n’ububeshi, kuko hageze ko avayo ngo yobivuga nta kinyegezwa coba kirimwo.

Yagize ati : “ Ivyo n’ibihuha vy’abantu nta muntu mbanye nawe nabi kabisa. (…) nipfuje nko kuvayo ntago vyorinda kuba ibihuha nobimenyesha abantu, none n’icaha?”

Muri ico kiganiro yavuniye akagohe abibaza ko boba bariko baramurenganya kudasohora ibikorwa vyinshi. Bainturo avuga ko ibiriko biraboneka arivyo aba ashaka, kandi ngo yemera kugira mu murongo abahagarariye kugira arerwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi agira ase n’uwukwiza umwaka adashira ahabona igikorwa na kimwe c’umuziki, kandi kuva yinjira muri Empire Avenue ibikorwa amaze gusohora biharurwa ku ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036