kirundi

Bamaze gushika muri Maroc abarundi b’abanyabuhinga batandukanye

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 14 Munyonyo 2022 niho twabona amafoto atandukanye hirya n’ino ku mbuga ngurukanabumenyi abaririmvyi bacu n’aba Manageur babo bari ku kibuga c’indege c’i Bujumbura citiriwe Prezida Melchior Ndadaye.

Ivyo vyatwibukije ko isango bari baraduhaye ryabaye ntabanduka aho tuvuga Big fizzo, Kimana Edith, Shabani arongoye Festival Marahaba, Amir pro, Andy Mwag, Dj Rapha, Masterland, Christian Nsavye. Ugerageje kuraba ayo mazina n’abantu bafise ico bamaze mu muziki w’Uburundi.

Tugerageje kuraba amafoto babandanya bashira ku mbuga ngurukanabumenyi biraboneka ko bamaze gushika Rabat muri Maroc bakaba bagiye muri Festival Visa for Music izoba igenekerezo rya 17 Munyonyo 2022 bakazokwungurana ubumenyi n’abandi bazoba bavuye mu bihugu bitandukanye. Bazoronkeraho n’akaryo ko kumenyekanisha umuzi w’abarundi mu makungu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455