IKIRUNDI_news

Bamwe babona ko Ubushimwe bwahawe Natacha ari ubugurano

Ubushimwe bubiri nibwa bwahawe umurundikazi Natacha Ngendabanka, muri Uganda aho yari yitavye ibirori vy’ugutanga ubushimwe mw’ihiganwa rya HIPIPO 2021.

Kamwe muri ubwo bushimwe bubiri uwo muririmvyikazi akaba yagatwaye ibihangange barikumwe mw’ihiganwa arivyo Diamond, Eddy Kenzo, Alikiba, Zuchu na Sauti sol. AKo kakaba kiswe East Africa Super Hit 2021, ako yaronse ahawe n’indirimbo yiwe nshasha yiswe Pakuchena.

AKo kandi gashimwe yahawe akaba ari Best Burundian Act 2020, ako ngo nako atabashije guhabwa mu mwaka ueze kubera ikibazo c’ikiza cugarije isi.

Hampande y’abamuteye intege barimwo abaririmvyi bagenzi biwe, hari n’abandi bakurikiranira umuziki hafi bavuga ko ubwo bushimwe ari ubwo agura, ivyo bakaba babivuga ariko badatanga ivyemezo. Kandi bikaba bitanabaye n’irya mbere kuko mu myaka iheze atwara ubushimwe muri ico gihugu, abatari bake babona ko yoba abugura.

Mwomenya ko Natacha agenda kwakira ubwo bushimwe, yagiye ajanye n’abamenyeshamakuru b’abarundi 3, Manager wiwe nawe asanzwe ari n’umumenyeshamakuru hamwe n’abamucungera ubuzima Body Guard 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037