BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_news

Barashima ingingo yo kwugurura urubibe rwa Gatumba

Ishirahamwe ry’abadandaza ndengambibe bo mu gihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo rimenyesha ko iyugururwa ry’urubibe rwa Gatumba Uburundi buhana n’ico gihugu rihumuriza abandaza b’ivyo bihugu bibiri.

Nk’uko biri mw’itangazo abo badandaza basohoye kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 29 Rusama 2021, Blanco Bitakwira arirongoye asaba amareta y’Uburundi na Kongo gucungera neza ibijanye n’irandagata ry’ikiza ca koronavirisi kuri urwo rubibe.

Mwomenya ko Reta y’Uburundi iheruka kumenyesha ko urubibe rwa Gatumba rugiye kuzokwugururwa ku musi wa kabiri w’indwi iza igenekerezo rya 1 Ruheshi 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721