homepagesociete

Basaba ko umugambi woshikanwa mû gihugu cose

Mugihe ishirahamwe amazi water rifadikanije na reta y’ u Burundi ririko ritanga amazi ava mukuzimu muma karitiye atandukanye y’uburaruko bw’igisagara ça Bujumbura abanyagihugu bo muri zone Buterere komine Ntahangwa barashima uyo mugambi bakemeza ko ubu isuku ari ryose biturutse kurayo mazi ava mukuzimu.

Abo banyagihugu bagasaba kandi ko ayo mazi yokwiragizwa mubindi bice bitandukanye vy’igihugu.

Bakemeza ko ubu ata ngwara ziva kw’isuku rike zizosubira kuhaboneka kuko ngo ubwambere bashobora kuronka amazi kabiri canke gatatu mu indwi ariko ubu ngo mugatondo nk’igihe c’isaha imwe n’igice canke sambiri amazi aba arimwo.

Abo banyagihugu basaba ishirahamwe Regideso gufasha kugira aho hosi hari hari ayo mazi ava mukuzimu hashikanwe umuyagankuba kuko gushika ubu hari umuyagankuba uva kumishwarara y’izuba ivyo navyo bikaba bishika ko haraho bidakora

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,675